Icongereza ka rurimi rwa kabiri

Icongereza ka rurimi rwa kabiri (1918)

Icongereza ka rurimi rwa kabiri (ESL English as a second language )

Abavyeyi/abafasha bazoronka ivyegeranyo bibiri ku mwaka birungitswe n’ishule umwana wabo yigako. Ivyo vyegeranya bizobafasha gutahura intambwe umwana yagize mu vyigwa, hamwe n’ingene ishure rimufata mu mugongo. Ico cegeranyo kizobereka intambwe umwana yagize mu vyigwa vyosi.

Nimba umwana wanyu akurikira porogaramu ya ESL, icegeranyo kizokwerekana intambwe umwana yagize mu kwiga Icongereza, gifatiye ku rugero rwa ESL (nka hano musi), canke gifatiye ku rugero rw’ibice bitanu, canke bifatiye kuri izo ngero zompi. Hari igihe kandi umwigisha wa ESL ashobora nawe kugira ico avuze muri ico cegeranyo.

Kuvyerekeye ibindi vyigwa navyo, icegeranyo kizokwerekana intambwe y’umwana muri cigwa kimwe kimwe, hakurikijwe ku rugero rw’ibice bitanu.

Mu gihe umwana wanyu yoba amaze ibice bine canke munsi akurikirana porogaramu ya ESL mw’ishure ryishinga inyigisho za Australiya, icegeranyo c’umwana kizokwerekana intambwe amaze kugira mu kwiga icongereza, bakoresheje urugero rwa ESL, n’insiguro y’umwigisha. Hazoba kandi n’insiguro umwigisha ashikiriza kuvyerekeye intambwe umwana yagize muri ivyo vyigwa umwana akurikira.

Mu gihe umwana wanyu yiyandikishije mu kigo cigisha Icongereza amasaha menshi canke ishule ryisumbuye ryigisha Icongereza amasaha menshi, umwana azoronka icegeranyo ku ntambwe bagize bakurikije urugero rwa ESL. Ico cegeranyo kizokwerekana kandi intambwe umwana yagize mu vyigwa vyose kugira yitegurire kuja mw’ishule ryisumbuye.

Gushikiriza ivyegeranyo ku rugero rwa ESL vyerekeye ibice bitari bike mu buryo bwo kuvuga Icongereza bwigishwa kw’ishule. Mu gihe bakoresheje urugero ESL 1, bivuga ko umwana wanyu ariho agitangura kwiga Icongereza. Hakoreshejewe ESL 6 naho bivuga ko umwana wanyu yateye intambwe ikomeye mu congereza, bihagije kugira akurikire ivyigwa vyinshi kw’ishure.

Ni ngombwa gutahura ko kugira abana bakomeze batera imbere mu myaka y’ishule, hakenewe kuba bafise intambwe yisununuye mu congereza. Abanyeshule bari mu myaka yambere y’amashule mato mato (Kindergaten –2ème année) ntibasabwa kuba bari hejuru ya ESL 3.

History of English

© MMXXIII Rich X Search. We shall prevail. All rights reserved. Rich X Search